Ikintu udakwiye kwirengagiza na gato harimwo kureka kwambara agahuzu ko musi ugiye kuryama
by Irakoze Darcy 3 May. 2018 @icapaltd 1K Views
Burya ngo kurarana agahuzu ko musi (ikareso) bishobora kukuviramwo zimwe mu ngaruka zitandukanye zirimwo kurwara zimwe mu ngwara zifata mu gitsina nk’izo bakunze kwita infection urinaire, ingwara yitwa cystite ifata mu kiziba c’inda n’izindi zitandukanye.
Iri joro niwaja kuryama ntiwibagire gukuramwo agahuzu kawe ko musi
Mu kiganiro yagiranye n’ikimenyeshamakuru le Figaro, Dr. Jean Marc Bohbot, umuhinga mu bijanye n’ibice nyibarukiro vy’abagore avuga ko ijoro ari umwanya mwiza washizweho wo kuruhurira umubiri wose rero ko umuntu akwiye gukuramwo agahuzu kiwe ko musi mbere yokwambara impuzu yo kurarana nayo ntibe imufashe kugira ngo umubiri w’imbere nawo ubone ubuhemero, avuga kandi ko nta mpamvu n’imwe ishobora kuba yotera umuntu kurarana impuzu yo kurarana (Pinjama) kiretse igihe ukwezi kwiwe kwageze gusa.
Dr. Jean Marc abandanya avuga ko kwambara agahuzu ko musi umusi wose ugaheza ukanakararana ari bibi cane kuko bituma umuntu arwara zimwe mu ngwara ziterwa na bacteria zikurira mu gitsina. Agahuzu ko musi ngo kongereza ubushuhe hariya hantu akaba ari navyo bituma haba inzira yo kurokoka kwa za bacterie ari zo zizana za ngwara twavuze haruguru, kiretse ivyo kandi ngo ubwo bushuhe bwose butuma umuntu yumagara ntabashe kugira ubutotahare.
Iyi rero ni yo mpamvu nyamukuru yatumye umuhinga Dr. Jean Marc ashira ahagaragara ibi vyose kugira ngo n' uwutari azi ububi bwo kurarana agahuzu ko musi abimenya kuko kenshi abantu bakunze kurwara zimwe mu ngwara ziterwa n’ubushuhe bwinshi buba mu gitsina ariko ntibabashe kumenya ko ikibitera ari ukudaha ukwisanzura umubiri wabo wose uko uri ukaruhuka bihagije cane ko mu gihe ca kumutaga biba bitoroshe kuwuha ukwisanzura.
Authors get paid when people like you upvote their post.
If you enjoyed what you read here, create your account today and start earning FREE STEEM!
WAKANDACLOUD.COM ver. 1.0
Contact
Join Us
Links
Remember to JOIN us!
Remember to send your audios!
Remember to send your videos!
Fan? Drop a note!