Mu gihe mu Gihugu c'u Burundi ibijanye no kumurika Imideri biriko birahaguruka, Ama Agency amwa mwe biraboneka ko bagerageza gukora cane mu bikorwa vyabo. Uyumusi rero ku rubuga rwacu twashimye kubereka imwe mu ma Agency akorera hagati mu Gihugu c'u Burundi.
Photo: Model Idou
Muco Fashion Agency ibikorwa vyabo vyatanguye mu mwaka w'i 2017 kurubu bakaba bujuje umwaka wose bari mu bikorwa, Muco Fashion Agency intumbero yabo harimwo gushira hamwe urwaruka rukiri ruto kugira ngo babakundishe ibijanye na Fashion ngo na rirya Fashion yo mu Gihugu c'u Burundi itarahaguruka cane nko mu bindi bihugu bimaze gushika kure.
Uko ibikorwa vyatanguye naho bimaze gushika muri Rusangi nkuko abarongozi bino Agency babivuga ngo ibimaze kurangurwa vyo si bike, gusa ngo n' urugamba rutoroshe.
Nkuko twabiyagiwe na Akimana Belyse ajejwe ibikorwa muriyi Agency yaratuyagiye ibitari bike, murivyo ngo "Igikorwa co gushira hamwe urwaruka nkuko bikunda kutoroha muri Muco Fashion Agency Baragerageza ariko intambamyi zo ntizibura ariko ngo baragerageza gukora bitanze kandi bimwe na bimwe biragenda neza" muri Rusangi ngo gushira hamwe urwaruka n'intambwe yo kubashira hamwe no guhagurutsa ingabirano bafise kuco bafise mu kubashigikira
Muco Fashion Agency rero irategekanya gukora ibindi bikorwa vuba cane inyuma yaho bakoze igiteramo ku musi mukuru wa pasika kw'i Hotel ikomeye cane i Gitega izwi kw'izina rya Tropitel
kurikirana ayandi mafoto aho musi y'ino Agency Muco
Photo: Model Bagasho