Uvuze BKM mu ntara ya Gitega nibazako iryo zina ku basore ni nkumi barizi cane bashobora kukubwira ibitari bike, kubatarizi namwe ikimenyeshamakuru cawe hano turaza gusigura ibitari bike kuri BKM, uko iri zina ryatanguye kuvugwa i Gitega vyatewe ni bikorwa bikorwa bimwe na bimwe bikorwa n' Urwaruka
Kumurika Imideri (Fashion) nkuko bikunzwe cane na bakiri bato kino gihe kwisi hose. Mu Burundi nahone ubu baravyijukiye abasore ni nkumi bariko baravyijukira cane mbere babishizemwo ni nguvu
Inyuma yaho Agence BKM yuguruje ibikorwa vyayo mu ntara ya Gitega bamurika Imideri nabone kuva 2015, BKM gato yaho nabone ntibatanzwe ibikorwa vyaciye bitAngura gusa bahindura imikenyuro bazanana niyindi Shusho bazogendera
BKM kiretse ivyo gukora ivyi mideri (Fashion) bongeyemwo nibindi bikorwa na cane ku rwaruka, bongeyemwo kuvyina intambo, mbere muri make bashimikiye gukorera ku bigize ingabirano ku bakiri bato
Iyi ni BKM ikorera i Gitega aha ni mu bikorwa bakora, bariko barahindura nu bwiza babashe gusa neza mu bikorwa
BKM ikorera ibikorwa vyabo i Gitega baramaze kurangura ibikorwa bitari bike Urwaruka barishimiye ku bikorwa barangurira muri BKM mugihe ibikorwa vyose bakora babiyobojwe n' Ijambo ry'imana kandi hanahuriye benshi badasangiye na madini ariko urukundo nirwo rububatse ni bikorwa, Agence mu gutangura i Gitega yaje iva mugisagara ca Bujumbura aho nahone habarizwa BKM nayone ifise inguvu ni bikorwa bikomeye bamaze gukora
BKM Ikorera i Gitega iratanze ubutumire ku bantu bari hafi kuzokwitabira ibirori bikomeye nkuko basanzwe babikora itariki 15 Mukakaro 2018 i Gitega muri karitiye Shatanya ku kabare ko kumuganuro sizre zo kumugoroba kwinjira ibiciro barabimenyesha navyone vuba mugihe igiteramo bamaze no kugitorera izina God Over Everything
Ibikorwa bakora ngo umuziki ntuja kure ya matwi nkuko mubibona kurano mafoto