Umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka amaze gukora vyinshi benshi bisigaye vyanabasize cane uko intambwe yiwe ibandanya kuduga umusi kuyundi, Natacha Ngendabanka umwe mu Bakora Umuziki ku gitsina gore mu gihugu c' Uburundi
Umuziki muriki gihugu nubwo udakunze kubera amahirwe ya benshi kuyaronkeramwo ibintu Natacha Ngendabanka we Umuziki waramubereye isuka umusi kuyundi bibandanya bimubera vyiza
Natacha ivyo gukora umuziki arabimazemwo igihe cane mu Baririmvyi ba Barundi babirambiyemwo arimwo
Natacha Ngendabanka uyu mwaka wi 2018 waramubereye mwiza cane biboneka ko afise uko yari yawiteguriye, mu ntango y'uno mwaka wi 2018 Natacha yarafise igikorwa yihaye mu kuzunguruka Uburundi mu bice bitari bike vyiki gihugu agamije mu kwiyegereza no kwegera abafana b' Umuziki w' Uburundi badakunze cane kubabona baje kubakorera ibiteramo hafi yabo ku Mihana
Igikorwa yitiriye Uburundi Tour aho yazunguruka ibice bitari bike bigize igihugu c' Uburundi harimwo Intara nka Kayanza, Ngozi,, Muyinga,, Gitega,, Karusi,, Cibitoke,, Rumonge..
Inyuma yiki Gikorwa ntiyicaye kuko yihutiye cane mu gihugu ca Congo mu Misi yahera aho yarafise isezerano ridasanzwe ryo gukorana Ururirimbo nu Muririmvyi akomeye cane murico Gihugu ca Congo azwi kw' izina rya Fally Ipupa Umuririmvyi afise ibikorwa bikomeye azwi isi yose
Ico gikorwa ni kimwe mu bikorwa bibandanya kubikora neza aho biriko bitanga ni shusho itangaje ku Burundi mu gihe Natacha La Bambaa ariwe abaye Umuririmvyi wa mbere mu karare ka Afrika y' Ubuseruko yemerewe gukorana indirimbo na Fally Ipupa mu gihe bivugwa ko adakunze no kuvyemerera benshi babisaba
Mu Ntago z' Ukwezi kwa Mukakaro uno mwaka w'i 2018 Igihe haba hatanguye ici Abarundi isinzi bimenyerewe ko baba bari mu bikorwa bitandukanye, Natacha La Bambaa wewe yuriye indege nu Muryango wiwe baja mu Butariyano aho yarafise intumbero yo gufata uburuhuko arikumwe nu Muryango wiwe
Natacha Ngendabanka rero nkuko bitanguye kuboneka agiye kurira Indege mu misi mike cane agaruka i Bujumbura, kimwe mu Biteramo bigiye kumugarukana harimwo ico agiye guhuriramwo na Big Fizzo na Christian Bella akorera ibikorwa mu Gihugu ca Tanzania
Bizoba kuruyu wa Gatandatu igenekerezo rya 18 Myandagaro, Hotel Club Du Lac Tanganyika na Di Moda Fashion imwe mu biriko birashigikira abaririmvyi ba Barundi harimwo no gutegura i Biteramo nibo babiteguye mu Gisagara ca Bujumbura mu Buyenzi igice giherereyemwo cane abari mu Muryango wa ba Isilamu kuva igihe c' isaha Umunani z' Umuhingamo
Kwinjira ni 3.000 ibibanza bisanzwe 10.000 Mu ntebe z' icubahiro
Muriki Gihugu c' ubutaliyano aho Natacha yagiye gufatira uburuho Amafoto menshi yerekanye na ma Videwo biciye ku mbuga ngurukana bumenyi yaba yirekuye bimwe bavuga ko bihaye akayaga kandi yabonetse kenshi ari hafi y' Ikiyaga