Nkuko Ikigo kijejwe ubuvuzi UNUSIDA giherutse kuvyerekana mu cegeranyo bakoze, barerekana ko Abantu bangana n' Imiliyoni 36,9 aribo bagendana iki kiza Ruhonyanganda SIDA (HIV), Ngo Abarenga Imiliyoni 1.8 nibo banduye iki kiza mu mwaka uheze mu gihe abahitanywe n' iki kiza mu mwaka wi 2017 ari 940,000.
Nkuko bavyerekana muriki cegerenyo bavuga ko ibice 58% vyandura iki kiza ari Abantu bakuze kandi Igitsina Gore, i 6600 bari mu myaka ya 15-24 nibo bahitanwa n' iki kiza uko umwaka utashe. Gushika kino Gihe Ubuvuzi bukoreshwa n' Abarwaye iki kiza nubwo gupfupfahaza mubisanzwe ntihari bwerekanwe neza Umuti nyayo wo guhonya kino Kiza Ruhonyanganda.
Nkuko babandanya gukora Ubushakashatsi, Muri Kaminuza -Pasteur yo Mugihugu c' Ubufaransa habonetse inyishu ya Kino kibazo gihangayikishije benshi kuriyi ngwara ya SIDA, Mubisanzwe Umuti wahahora wari uwo Kugabanya Izunguruka rya VIRISI itera SIDA mu Mubiri k' u wamaze kwandura iki kiza, Ubu rero nkuko bamaze kuvyerekana muriyi Kaminuza Umuti uhonya iyo VIRISI ubutakigaruka mu Mubiri w' Umuntu yamaze kuboneka, Inkuru Nziza kuwoba yaramaze kwandura Iki kiza.
Nkuko Uwuvugira iyi Kaminuza -Pasteur Abivuga, avuga ko "Mubisanzwe uburyo bwari buhari mu kurwanya Iyi Ngwara ya SIDA bwari ubwo gupfupfahaza VIRISI ikareka kuguma igendagenda mu Mubiri w' u wamaze kwandura iki kiza, Ariko Imigera y' ino ngwara usanga naho bagerageza kuyirwanya ikunda kugunda yinyegeje mu bice bimwe na bimwe vy' Umubiri. Nkuko bavyerekana Ubuho Umuti wo Guhonya Iki kiza ruhonyanganda ubutakigaruka mbere na VIRISI yose kuyihonya kuwamaze kwandura iki kiza ko bishoboka kuri buno bushakashatsi bwakorewe iwabo kuri Kaminuza"
Ikiza Ruhonyanganda SIDA (HIV) ni VIRISI itera uturemangingo tw' Umubiri k' u wanduye iki kiza bigatuma inyunyuza inguvu z' Umubiri wiwe ugatakaza inguvu zo kwiyubaka muri we ikamwicira n' Ubuzima.
Aba Bashakashatsi rero baragerageje ubuhinga budasanzwe bwo kuraba uko bayihonya m' u Bwihisho bw' iyi VIRISI m' u Mubiri w' u Wamaze kwandura iki kiza biza Gutanga Amahirwe Menshi ko ubuho bagiye guhonya Burundu iki kiza kw' isi hose.